Cibitoke-Mugina: Abantu 2 nibo bapfuye abandi 3 barakomerka kumitumba 2 ya Rushimabarimyi na Ruziba,

Abantu 2 nibo bapfuye abandi 3 barakomerka kumitumba 2 ya Rushimabarimyi na Ruziba, Komine Mugina intara ya Cibitoke mw’ijoro, bishwe n’abantu bataramenyekana. Umwe Murano bishwe n’umufasoni yishwe aciwe izosi uwundi n’umwana w’umwaka umwe nigice, abavyeyi biwe babiri na mwenewabo barakomereka cane batewe grenade aho bariko bafungura. Abo bose bakaba bivurwa ko bahowe ko boba araborozi.. Musitanteri wa komine mugina, Bayavuge Jovith avuga ko bibaje kubona abantu bakora ikibi nkico, asaba abanyagihugu kwirarira kandi no gutanga inkuru ahobishoboka kugira bagwanyirize hamwe abobansi. Kubwiwe ngo batanu bafashwe kumvo z’amatogoza.

Publicités