Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cagabishije igihugu ca Iran

Umunyamabanga w’umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu bijanye n’umutekano John BOLTON yagabishije igihugu ca Iran ko kizohura n’ingorane niyo cakorera ikintu kibi abanyamerika canke ibihugu bifitaniye imigenderanire na Amerika.

Amakuru dukesha BBC avuga ko John BOLTON yamenyesheje ko ubutetsi bwa Iran buzohura n’ingaruka zikomeye niyo bwabandanya kurementanya ibinyoma hamwe no kubesha.

John Bolton yavuze ati: « Nimwadusotora canke musotore abo dufitaniye imigenderanire, nimwakorera ikintu kibi abanyagihugu bacu vy’ukuri muzohura n’ingorane. »

Mu misi iheze igihugu ca Amerika cafatiye ibihano igihugu ca Iran inyuma yaho kigwije impfagusa amasezerano Barack OBAMA yari yagiraniye na Iran mu mwaka wa 2015 ajanye no guheba gukora ibirwanisho ruhonyanganda.

Publicités