Ubushikiranganji bw’indero buvuga ko hagiye kujaho ubuhinga bwo guteza imbere ico gisata

Umushikiranganji w’indero Janviere NDIRAHISHA amenyeshako hagiye kujaho ubuhinga kugira amahangiro ubushikiranganji arongoye bwihaye ashirwe mu ngiro kandi vyongere bifashe guteza imbere ibisata bitandukanye mu bijanye n’indero.

Ivyo yabivugiye mu nama yo guhanahana ivyiyumviro yatunganijwe n’ubushikiranganji bw’indero mu ntumbero yo kwihweza ingorane ziri murubwo bushikiranganji hamwe no kuraba uko zotorerwa umuti .

Iyo nama yitabwe n’abayobozi b’indero ku rwego rw’amakomine hamwe n’abayobozi b’indero ku rwego rw’intara.

Publicités