Igihugu ca Sudani y’epfo carekuye impfungwa za politike n’izo mu ntambara

Prezida wa Sudani y’epfo Salva Kiir yatanze itegeko ryo kurekura abapfungiwe ivya politike bose hamwe n’impfungwa zo mu ntambara.

Iyo ngingo n’imwe mu zumvikanyweko mu maseaerano y’amahoro yashizweko umukono mu kwezi guheze n’umukuru w’abagwanyi Riek Machar.

Abantu benshi mu bagwanyi ba Machar hamwe n’abamushigikiye bari mw’ibohero co kimwe n’abaharanira agateka ka zina muntu hamwe n’abandi batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa prezida Kiir.

Publicités