Ubahinga babiri batoye umuti wa cancer bahawe agashimwe kitiriwe Nobel

Abahinga babiri batoye umuti wo kugwanya ingwara ya cancer hakoreshejwe uguha inguvu umubiri kugira wigwanire bahejeje kuronka agashimwe kitiriwe Nobel 2018 mu gisata c’amagara y’abantu.

Ibikorwa vya James P Allison w’imyaka 70 wo muri Amerika na Tasuku Honjo w’imyaka 76 wo mu Buyapani barafashije mu gutora ingene havugwa cancer yo ku rukoba iteye kure.

Kuvura hakoreshejwe ubuhinga bwa ‘Immune checkpoint therapy’ bwarafashije mu buryo bushasha bwo kuvura cancer nk’uko vyavuzwe n’ikigo co muri Suede gitanga ako gashimwe kitiriwe Nobel.

Publicités