Jean Claude KARERWA:“Uwutokuvuna yokuva inyuma.” Avuga ivyo ama ONG

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude KARERWA amenyeshako ingingo yafashwe yo kugara amashirahamwe yigenga mu kiringo c’amezi atatu itafashwe gihutihuti kuko abo iyo ngingo yega basanzwe babizi kandi babimenyeshejwe.

Mu kuganiro c’abavugizi b’inzego za reta caremeshejwe ku musi wa gatanu w’indwi iheze,Jean Claude KARERWA yavuze ko ayo mashirahamwe yavuniwe akagohe mumezi atatu azoba yitunganije.

Jean Claude KARERWA yavuze ko igihugu kidashobora kwemera imfashanyo itosekaza agateka ka zina muntu canke iziza zonona imico n’imigenzo y’abarundi.

Jean Claude KARERWA yavuze ati:“Uwutokuvuna yokuva inyuma.”

Uyo muvugizi w’umukuru w’igihugu yavuze ko ingingo zifatwa zisunga amategeko zitisunga imigenderanire.

Publicités