Karusi –Gitaramuka : Abantu 2 birishwe hakoreshejwe umupanga

Uwitwa Eric BIMENYIMANA wo ku mutumba Ntunda komine Gitaramuka mu ntara ya Karusi yarishe umugabo yitwa Valerie NDINZEMENSHI hamwe n’umukobwa wiwe yitwa Odette IRANKUNDA ku muhingamo wo kuruyu w’Imana igenekerezo rya 30 Nyakanga 2018.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako Eric BIMENYIMANA yishe uyo mugabo n’umwana wiwe akoresheje umupanga.

Ayo makuru avuga ko Valerie NDINZEMENSHI yarafise imyaka 50 mu gihe umukobwa wiwe nawe yarafise amaze atandatu gusa y’amavuka.

Bivugwako uyo Eric BIMENYIMANA yahagaritswe ariko icatumye yica abo bantu kitaramenyekana.

Publicités