Pierre NKURIKIYE:“ Uwudakuye imodoka mw’ibarabara yahapfiriye atozwa ihadabu y’amafaranga ibihumbi 50 ku musi.”

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko iyo imodoka ipfiriye mw’ibarabara ikabuza uruja n’uruza ko rubandanya nyeneyo atayikuye mw’ibarabara haciye umusi abihanwa n’amategeko kuko ariwe abwirizwa kuyikuraho ubwa mbere.

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego z’igihugu kuruno wa gatanu igenekerezo rya 28 Nyakanga 2018,Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko uwudakuye imodoka mw’ibarabara yahapfiriye acibwa ihadabu y’amafaranga ibihumbi 50 ku musi iyo uheze atayikuyeho.

Pierre NKURIKIYE avuga ko ubushikiranganji bujejwe umutekano bufise uburyo bufasha kuzikura mw’ibarabara ariko ubwo buryo budakwiye mu gihugu hose ariko naho biruko uwa mbere abwirizwa kuyikura ari nyeneyo.

Pierre NKURIKIYE yibutsa abatwaza imodoka iyo ipfiriye mw’ibarabara ko bategerezwa guca bashira imbere y’imodoka yiwe igikoresho cerekana ko imodoka yagize ikibazo kugira bifashe abahaca kugabanya umuvuduko w’imodoka zabo canke akaguma yakije amatara iyo ari mw’ijoro.

Publicités