Iran yagabye igitero muri Syria, vyo kwihora ku gitero cagabwe kwi karasisi

Igisirikare ca Iran catangaje ko cateye ibisasu vya misile bigambiriye abakuru b’intagondwa mu burasirazuba bwa Syria cihora igitero kwi akarasisi y’ingabo za Iran mu kwezi gushize kw’icenda.

Itangazo ry’iki gisirikare ryavuze ko « abakora iterabwoba benshi bishwe cangwa bakomeretse » muri ivyo bitero vy’indege.

Ntabwo igisirikare ca Iran cavuze ahantu nyezina mu burengerazuba bwa Iran catereye ibyo bisasu bitandatu vya misile, ariko cahishuye ko vyakoze urugendo rwa kilomtero 570 kugera muri Syria.