Ni mwumve, mwa majuru, tega amatwi wa si we, kuk’Uhoraho abivuze:ati narakujije abana, ndabarera, maze barampinduka.

YESAYA1:2-3 Ni mwumve,mwa majuru ,tega amatwi wa si we,kuk’Uhoraho abivuze:ati narakujije abana,ndabarera,maze barampinduka. Inka irazi nyeneyo,n’indogoba irazi ubwato bwa shrbuja: arikw’abisirayeli bo nta co bazi,abantu banje ntaco batahura.

Uhoraho agomba ko tumubera abo yishimira. Mbega ntiwoba waramaze kumuhemukira?

Iyo umuvyeyi afise agahinda nkaka birababaje cane. Raba ko ukiri kumurongo w’Imana.

Twisengere kubwa kubu kacu,na kazoza kacu kugira ntitwigere duhemukira umuremyi wacu.

Dusenge: Uhoraho gitandara kizima turagushimiye kubw’ubuzima hamwe n’ubufasha bwawe. Ngwino wame uduha ukuguhimbara,imbabazi zawe zidusange,ni mw’izina rya Yesu twizeye,Amen

Publicités