Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw’abonwa,ni mumwambaze akiri hafi

YESAYA 55:6-7 Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw’abonwa,ni mumwambaze akiri hafi: umunyavyaha nareke inzira yiwe,ugabitanya areke ivyiyumviro vyiwe:agaruke k’Uhoraho nawe aramugirira ikigongwe,agaruke Ku Mana yacu kukw’ikunda guharira.

Ijambo ritweretse neza ko harigihe bitazoshoboka ko tubona Uhoraho, ridusavye ko twomurondera ubunyene bigikunda. Kirazira Kuvuga ngo nzoba ndihana.

Ngwino kwa Yesu

wature ivyaha vyawe vyose. Uhoraho ni umunyembabazi nyinshi azoguharira ivyaha vyawe.

Umuntu akiri mu mubiri birakwiye ko yiyumvira kwiherezo ryiwe hama akarondera Uhoraho. Imana igushoboze kuyubaha nokuyikorera,murakoze.

Dusenge: Data rukundo ngushimiye ineza yawe,duhe umutima ugushima kandi ukwubaha. dushoboze kuva mumitego nomumugambi wa satani ni mw’izina rya Yesu dusabyemwo uburinzi Amen

Publicités