Cankuzo –Murehe : Abantu 60 bariye imfungurwa zirimwo ubumara bagwaye

Abantu 60 bari mu rubanza rw’urusengero rw’abadivantisite kw’igenekerezo rya 28 Nyakanga 2018 bagwaye inyuma yaho bariye imfungurwa zivurwa ko zarimwo ubumara.Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko 30 murabo bantu bariye izo mfungurwa bajanywe kw’ivuriro ry’i Murehe aho mu ntara ya Cankuzo.

Ayo makuru abandanya avuga ko amatohoza kuvyerekeye abo bantu ariko arabandanya.

Publicités