Ikigo ARFIC kivuga ko amashirahamwe atazohemba abarimyi mu kiringo c’indwi 2 azofatirwa ingingo

Umuyobozi mukuru ajejwe urwego rwa Reta rukwirikiranira hafi igiterwa c’ikawa ARFIC(Agence de Regulation de la Filiere Café) Emamnuel NIYUNGEKO amenyeshako amashirahamwe akorera murico giterwa azoba atarariha amafaranga abarimyi mu kiringo c’indwi zibiri uhereye kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2018 azoca afatirwa ingingo.

Mw’itangazo yasohoye kuruno wa gatatu igenekerezo rya 3 Gitugutu umwaka wa 2018,Emmanuel NIYUNGEKO yamenyesheje ko abarimyi batararonswa agahembo kabo urwego rw’igihugu rujejwe umutekano rwafashe ingigo yuko ayo mafaranga bayaronswa mu kiringo kitarenze indwi zibiri uhereye kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2018.

Emmanuel NIYUNGEKO avuga ko mu nama bagiraniye n’ibanki zubudandaji zemeye gutanga ingurane ku barimyi ku nyungu y’ibice 7 kw’ijana mu gihe bayitanga ku nyungu y’ibice 9 kw’ijana.

Emmanuel NIYUNGEKO atera akamo amakomine kuza arorohereza abafise amatonorero.

Publicités