RDC: Umuganga w’umuhinga mu buvuzi bw’abagore wo muri Kongo, Dr Denis Mukwege, yatsindiye agashimwe Nobel k’amahoro

Agashimwe Nobel k’amahoro k’uno mwaka kasangiwe n’abantu babiri, umunye Kongo Dr Denis Mukwege na Nadia Murad, umu Yazidi aharanira agateka ka zina muntu.

Ako gashimwe bagahawe kubera ibikorwa vyabo mu kurwanya ifatwa ku nguvu ry’abagore rikoreshwa nk’ikirwanisho co mu ntambara.

Nadia Murad yaciye mu mahano akomeye aho yamara amezi atatu yaragizwe umucakara wo gusambanya, nyuma yo kunyuruzwa n’abarwanyi b’umugwi wiyita leta ya Islam, muri Irake, haciye imyaka ine.

Dr Denis Mukwege na Nadia Murad batsindiye agashimwe Nobel k'amahoro kubera ibikorwa vyabo vyo kurwanya ihohoterwa ry'abagore mu ntambaraUwufise ububasha kw’isanamuGETTY IMAGES
Image captionDr Denis Mukwege na Nadia Murad batsindiye agashimwe Nobel k’amahoro kubera ibikorwa vyabo vyo kurwanya ihohoterwa ry’abagore mu ntambara

Denis Mukwege yamaze imyaka ishika mirongo ibiri avura abagore bahuye n’amakuba yo gusambanywa ku nguvu mu ntambara zo mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Kongo.

Umukuru w’umugwi utanga agashimwe k’amahoro Nobel, Berit Reiss-Andersen, yavuze ko aka gashimwe kerekana ko bikenewe cane gukingira abagore no gucira imanza ababafata ku nguvu.

Aba batsindiye aka gashimwe k’umuriyoni w’amadolari, bazokaronswa mu birori bizobera i Olso mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Publicités