Rwanda: Diane Rwigara na nyina wiwe barekuwe vy’agateganyo na sentare yo mu Rwanda

Sentare nkuru ya Kigali yafashe ingingo yo kurekura vy’agateganyo hatanzwe ingwati umunyepolitike atavuga rumwe na reta Diane Rwigara na nyina wiwe, bakaba bagiye kuza baraburana bataha. 

Umucamanza wa sentare nkuru i Kigali yatangaje ko ivyo basavye vyo gutanga ingwati vyemewe, ariko basabwa gutanga ibitabo vy’inzira vyabo k’umushikirizamanza mukuru wa reta. 

Basabwe kandi kutarenga igisagara ca Kigali badahawe uruhusha rwihariye.