Ubushinwa bwamenyesheje ko ari bwo bwahagaritse umukuru wa Interpol Meng Hongwei yari yaburiwe irengero

Ubushinwa bwamenyesheje ko ari bwo bwahagaritse umukuru wa Interpol Meng Hongwei yari yaburiwe irengero.

Ico gihugu kivuga ko yariko aragurwako amatohoza n’akanama kajejwe kugwanya igiturire muri ico gihugu mu kuraba ko yarenze amategeko.

Meng, asanzwe ari icegera c’umushikiranganji ajejwe umutekano w’igihugu, vyavuzwe ko yaburiwe irengero inyuma yo kuva mu gisagara ca Lyon mu Bufaransa, ahari icicaro ca Interpol agana mu Bushinwa itariki 25 ukwezi kw’icenda.

Publicités