Turukiya ivuga ko umunyamakuru Jamal Khashoggi ‘yiciwe’ muri ambasade ya Arabie Saoudite iri i Istanbul

Ubwoba bukomeje kwiyongera kubera umunyamakuru Jamal Khashoggi wandikiraga ikinyamakuru The Washington Post co muri Leta Zunze Ubumwe z’Amerika abategetsi ba Turukiya bemeza ko yishwe.

Bwana Khashoggi, umuturage wa Arabie Saoudite, yaburiwe irengero nyuma yo kuja mu biro vy’uhagarariye Arabie Saoudite biri i Istanbul, umurwa mukuru wa Turukiya, ku wa kabiri.

Umutegetsi wo muri Turukiya yabwiye BBC ko amaperereza y’ibanze yagaragaje ko yiciwe muri ivyo biro.

Publicités