Kenya: Impanuka y’imodoka yahitanye niburiburi abantu 50 muri Kenya

Niburiburi abantu 50 bapfuye mu mpanuka y’imodoka yabereye mu karere nk’intara ya Kericho mu burengero bw’igihugu, mu gitondo co ku munsi wa gatatu.

Iyo mpanuka yabaye igihe bisi itwara ingenzi icurangukiye ku mumanuko hafi y’igisagara ca Kericho. 

Igipolisi caho yabereye kivuga ko iyo modoka yari ivuye i Nairobi ija mu burengero bw’igihugu, irimwo abantu barenga 60 igihe itemvye kw’ibarabara karuhariwe ku mpanuka.

Publicités