Rwanda: Lulu Jemimah yatangaje benshi muri Uganda inyuma yo kwubaka urwiwe wenyene

Umupfasoni umwe wo muri Uganda yatangaje abantu benshi inyuma yo kwiyubakana urwiwe.

Lulu Jemimah w’imyaka 32 yiyubakanye urwiwe mu kwezi kw’umunani mu gisagara ca Kampala avuga ko amaze imyaka myinshi abantu baguma bamuza ryari azoja kwubaka urwiwe. 

Jemimah avuga ati: »Mfise imyaka 16 dawe yanditse ikete yo kuzosoma ku musi wo kwubaka urwanje. Igihe cose nagira umusi mukuru w’amavuka yanje, mawe yaguma ansabira, hanyuma muri iyi myaka ya vuba, ivyo yansabira harimwo kuronka umugabo mwiza, ankwiriye. »