Somaliya: Umuhari al-Shabab wo muri Somalia uvuga ko wishe umukozi w’iperereza w’Ubwongereza

Umuhari wa al-Shabab wo muri Somalia uvuga ko wishe abagabo bane wagiriza gusuma urusaku, harimwo uwufise ubwenegihugu bw’Ubwongereza.

Abo bagabo bafise imyaka iri hagati ya 22 na 36 bishwe barashwe ku mugaragaro ku musi wa kabiri mu karere kagenzurwa n’uwo muhari wa ki Islam. 

Nk’uko biri ku rubuga rwa Jihadi, uwo Mwongereza yaremeye ko yahaye inkuru iperereza ry’Ubwongereza zerekeye abashigikiye al-Shabab baba mu Bwongereza.

Publicités