Abashingamateka n’abakenguzamateka mu Burundi basavye ko gushingurana iteka abishwe kuva mu 1962 vyigizwe inyuma

Abagize inama zijejwe amateka mu Burundi basavye kwigiza inyuma igikorwa co gushingurana iteka Abarundi bishwe bagahambwa mu binogo rusangi kuva mu 1962 gushika mu 2008.

Vyashikirijwe umugwi « Commission Vérité et Réconciliation » (CVR) wari uramutse ushikiriza icegeranyo c’ivyo waranguye, wategekanya gutangura ico gikorwa mu mpera z’ukwezi kw’icumi.

Nkuko uwurongoye umugwi ujejwe politike mu nama nkenguzamateka, Gelase Ndabirabe, abivuga, ngo hategerezwa kubanza gukorwa amatohoza kugira abagandaguye abo batawe mu binogo bamenyekane.

Pascal Nyabenda arongoye inama nshingamateka yipfuza ko n’ibisigarira vy’abishwe vyozurwa, bigashingurwa mu kibanza abantu bose bashobora kubona.

Muri ico kiganiro cabereye mu ngoro y’inama nshingamateka i Bujumbura, hatumiwe abashikiranganji bogira ico boterera mw’ico gikorwa.

Abo nabo ni umushikiranganji w’ubutungane, uw’umutekano, uw’agateka ka zina muntu hamwe n’uw’intwaro ya hagati mu gihugu.

Ubushikiranganji bajejwe ngo bwofasha CVR vyinshi, nko gukingira amasura, gucungera ahari ibisigarira vy’abishwe n’ibindi.

« CVR nta kinini yakoze mu myaka 4 »

Bamwe mu baserukira Abarundi babona ko umugwi CVR ata kinini washitseko muri iyi myaka 4 urangije.

Clothilde Niragira, umunyamabanga mukuru wa CVR asigura ko umugwi bitaworoheye, kubera abari gutanga uburyo batabaye bakibutanga.

Ibindi abashingamateka n’abakenguzamateka basaba ni uko ikiringo ca CVR cokwongerezwa gushika n’imbere yo kwikukira kugira ivyo abakoloni bakoze bimenyekane.

Bamwe mu bashingamateka ariko bafise amakenga, umwe muri bo, Fabien Banciryanino akaba yagize ati: « Ntitwoguma tuvuga ko amabi yose u Burundi bwaciyemwo yatewe n’abazungu.

« Hari amabi yavuye ku ntwaro y’umugambwe umwe muri kahise. N’ubu rero ndabona ko intwaro nk’iyo iriko iragaruka mu Burundi ».

Fabien yongeye ati: « Umugwi CVR urashobora kutigenga kubera uriko ukoresha uburyo uhabwa na leta ».

Umushingamateka Pierre Celestin Ndikumana yagize ati: « Nimba koko hariko haronderwa ukuri kugira u Burundi bukire, ni vyiza ko CVR ikorera no ku vyabaye inyuma ya 2008, 2015 gushika uno munsi ».

Abituye CVR kugira batunganirizwe barenga ibihumbi 70, ibinogo rusangi vyatowe birenga ibihumbi 4.

Abashingamateka n’abakenguzamateka vyitezwe ko baja ingingo yo kwongera ikindi kiringo uwo mugwi kubera ko ico wari usanzwe urimwo kizorangira mu mezi abiri.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s