Yemwe abari mw’isi yose,muvugirize Uhoraho impundu.

ZABURI 100:1-2 Yemwe abari mw’isi yose,muvugirize Uhoraho impundu. Musabe Uhoraho munezerewe:muze mu nyonga ziwe muririmba.

Yesu umwami wacu ahimbazwe, ko yaducunguje amaraso y’igiciro kandi ijambo ryiwe ryama ridukebura rinatwereka uko dukwiye kwifata muri uru rugendo ruja mw’ijuru.

Ngomba kukwibutsa ko tugiye kurangiza umwaka wa 2018

Abakristo turatanga amashimwe Ku Mana ko tuba turangije umwaka,kandi nivyiza tugira neza cane.

Mbega none, nawe urafata umwanya wo gushikiriza Imana ibikorwa vyose wakoze mu mwaka? Kumpera y’umwaka bisaba ko ufata ikaye n’ikaramu ukandika, ugatanga urutonde rukwiye rw’ibikorwa wakoreye Imana mu mwaka,ukayereka n’ivyo ushobora kuba utaronkeye inyishu mu vyo wasengeye.

Mbega mu mwaka wisonzesheje kangahe? Mukwezi ufise imisi ingahe yo kwisonzesha?

None muvyo witeguye kuzobwira Imana wakoze,uzohava ubura n’umusi numwe wisonzesheje? Erega uzoba uteranye isoni. Fata umwanya wisengere unsengere n’abandi,unsengere urugendo urimwo ruja mw’ijuru,igihugu n’ibindi.

Ukabona ubu butumwa wobushikiriza abandi benshi urabikora kuko uzoba ubafashije vyinshi.

Muzigamwe na Rurema.

Publicités