
ZABURI 145:18-19 Uhoraho aba hafi y’abamwambaza bose, y’abamwambaza mu vyukuri bose.azoshitsa ivyo abamwubaha bagomba;kand’azokwumva ugutakamba kwabo,abakize.
Icompa Uhoraho akumva ugusenga, ukwinginga n’ugutakamba kwacu. Uhoraho adushigikire mubitugora kuko ataco twokwishoboza uretse ukunesherezwa n’ijuru.
Dusenge: Mana uduhe ukugukunda nokukwubaha,imbabazi zawe zitwomeko,uharire ivyaha vyacu, ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen