Amerika ifashanije na reta ya Somalia yishe aba al-Shabab 60 mu gitero c’indege

Abasirikare ba Amerika barishe abagwanyi ba al-Shabab mu gitero c’indege ku wa gatanu guheze i Harardere hagati mu gihugu ca Somalia, nk’uko biri mw’itangazo ry’ico gihugu.

Igisirikare kivuga ko ico « gitero kidahusha c’indege » cakozwe bafashanije na reta ya Somalia nta munyagihugu asanzwe cahitanye. Bavuze ko ari « igitero gikomeye c’indege kigizwe kuri al-Shabab » mu kiringo cababa umwaka.

Publicités