Indirimbo ziguma mu mutwe vyagenze gute? Zovayo gute?

Birashikira bose – ukumva indirimbo, ntushobore kuyibagira, ukumva wonayiririmba…haheze inusu saha ukumva iracavugira mu mutwe kandi bikanka ko uyibagira. Uba waguye ku ndirimbo y’inkoramutima, imata mu mutwe ikaguma igaruka. None ivyo bishika gute? Umuntu yo vyikiza gute?

Umuhinga w’inyifato zishingiye ku muzika Lauren Stewart, wo kuri kaminuza ya Goldsmiths, mu gisagara ca Londres arafise inyishu:

1. Izo ndirimbo umuntu yumva zikaguma mu mutwe zimeze gute?

Indirimbo z’ijwi ryoroshe gusubiramwo – riduga rimanuka – usanga zorohera ubwonko gufata.

Mwen’izo ndirimbo ziragwiriye cane mu ndirimbo z’abana nka « Twinkle, Twinkle, Little Star », mu ndirimbo za « pop » n’izindi.

Akarorero ni nk’ururirimbo « Bad Romance » rwa Lady Gaga.

2. Indirimbo zagumye cane mu mitwe y’abantu ni izihe?

Ntutangazwe no kwumva kw’iyo ugumye wumviriza canke uririmba indirimbo, iruhira kuguma mu mutwe.

Abantu bakunda kuririmba canke kwumviriza umuzika, usanga bafise indirimbo zabagumyemwo, ico bita « earworms ». 

Ngizi zimwe mu ndirimbo zitibagigwa. 

  • Bad Romance, Lady Gaga
  • Can’t Get You Out Of My Head, Kylie Minogue 
  • Don’t Stop Believin’, Journey
  • Somebody That I Used To Know , Gotye
  • Moves Like Jagger, Maroon 5
  • California Gurls, Katy Perry
  • Bohemian Rhapsody, Queen

No mu baririmvyi ubwabo ico kibazo kirabaho. Umuririmvyi arashobora gusanga hari indirimbo yaririmvye ziguma zica mu mutwe.

Umuririmvyi rurangiranwa w’umurundi Nimbona Jean Pierre amaze gusohora indirimbo zirenga 100 avuga ko hari izabaye bwome mu mutwe iwe.

Izo nazo ni nka: Ngwino (yasohoye mu 2004), Yaramenje (2001) na Mapenzi (2008).

Avuga ko hari n’izindi z’abacuraranzi bakomeye zagiye ziramuguma mu mutwe, nk’iza Papa Wemba, Phil Collins na R Kelly.

Publicités