Maze abakaludaya bishura umwami, bati Mwami,nta muntu numwe wo kw’isi yoshobora kukumenyesha iryo jambo

DANIYELI 2:10,13 Maze abakaludaya bishura umwami, bati Mwami,nta muntu numwe wo kw’isi yoshobora kukumenyesha iryo jambo;kuk’ata mwami cank’umuganwa cank’umutware yigeze gusobanuza umunyamareba cank,’umupfumu cank’umukaludaya ben’iryo jambo.

N’uko birashingwa ngw’abanyabwenge ni bicwe; Baja kurondera Daniyeli na bagenzi biwe ngo bicwe.

Umwami Nebukadineza yarashangashiwe abuze numwe wo kumusobanurira indoto ziwe, mu bapfuma n’abanyamareba biwe. Kuko abo bakoresha imbaraga z’umurwanizi satani.

Daniyeli na bagenzi biwe ntibari bazi ivyabaye,nabonye bafashwe ngo bicwe,kuko umwami yari yabitegetse ko abanyabwenge Bose bicwa.

Daniyeli yarasavye kandi baramukundira kumurindira kuko yagomba kubanza gusiguza Uhoraho.

Haleluya, Imana ya Daniyeli, yamusobanuriye izo ndoto.

Hari ivyaciye bihinduka muri ico gihugu:

1.Abanyabwenge ntibabaye bagipfuye

2.Izina ry’Uhoraho ryaragize igitinyiro muri ubwo bwami

3.Daniyeli na bagenzi biwe ari bo (shaduraka,meshake,abedunego) baciye bahabwa kuganza kudasanzwe.

Imana ntibuze uko igenza abayubaha, igomba ko tugenda uko yifuza.Inzira zayo zokutugirira neza ni nyinshi.Ishobora guca mu biteye ubwoba,mbere no mubiruhije ariko umugambi wayo ari uwo kudukiza no kudukuza.

Publicités