Uhoraho, mwami wacu,erega izina ryawe ni ryiza mw’isi yose!

ZABURI 8:1 Uhoraho, mwami wacu,erega izina ryawe ni ryiza mw’isi yose!

Washize icubahiro cawe hejuru y’amajuru.

Icubahiro c’Uhoraho kirengeye uko dushobora kumushima.Imbabazi atugirira,n’ubuntu bwiwe,n’urukundo ruhebuje adukunda bitumye twongera kumubwira ngo Shimwa Mana.

Imana irakeneye kwumva ijwi ryawe riyishima kuvyo yagukoreye vyose. Reka kwita kuvyubuze,ahubwo uharure imigisha yaguhaye twongere tuyihe icubahiro n’amashimwe.

Irabereye guhimbazwa no gutazirwa ijoro n’umurango.Twankire satani ko atwibagiza ivyo Imana yadukoreye.

Rugira vyose,Rurema turagushimiye ko wama utuzigama kandi uratwitwararika mukutugaburira nokutwambika,none zimanganya ivyaha vyacu vyose,uduhe kugukorera n’imitima ikunezereza ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.

Publicités