Abagwanyi bakekwa kuba ari aba ki Islam bamaze kwica abantu 90 muri Mozambique

Igipolisi ca Tanzania cahagaritse abagwanyi 104 cagiriza gutegura gufata ibirindiro mu gihugu kibanyi ca Mozambique.

Harabaye n’imiburiburi ibitero vyoza bishika 50 bikekwa ko vyagizwe n’imigwi yitwaza idini rya Islam mu buraruko bwa Mozambique kuva mu kwezi kwa cumi mu 2017.

Abantu mirongo icenda barabuze ubuzima muri ubwo bwicanyi, iyindi miryango irenga 1.000 ita izabo.

Publicités