Isinzi ry’abimukira ririko rirava ku rubibe rwa Guatemala na Mexique rigana Amerika

Abimukira ibihumbi n’ibihumbi bavuye mu bihugu vya Amerika yo hagati bagerageza kwinjira muri Amerika basubiye gutangura urugendo bava mu bumanuko bwa Mexique bagana ku rubibe rwa Amerika. 

Kare ca ne ku wa mungu, urukurikirane rw’abimukira rwatanguye gutambuka bagana uburaruko bava mu gisagara ca Ciudad Hidalgo kiri ku rubibe.

Abategetsi ba Mexique bari bagerageje kubahagarika ku gitarugwa kiri hagati ya Mexique na Guatemala.

Publicités