Inzu y’umuvugizi w’urunani ruri ku butegetsi muri RD Congo yarashwe urufaya rw’amasase

Ico gitero cagizwe ku nzu y’umuvugizi w’urunani rw’imigambwe ruri ku butegetsi muri RD Congo kibaye imbere y’amatora y’uwuzosubirira prezida Joseph Kabila ku butegetsi

Umuvugizi w’urunani rw’imigambwe ruri ku butegetsi muri RD Congo yavuze ko inzu yiwe yarashwe urufaya rw’amasase mw’ijoro ku mugwa mukuru Kinshasa, imbere y’amezi abiri gusa ngo habe amatora rusangi.

Umuvugizi w’urunani rwa prezidaJoseph Kabira, Andre-Alain Atundu yavuze ati: »Nk’isaha imwe yo mu gitondo inzu yanje yarashwe n’urufaya rw’amasase n’abantu batamenyekanye bari mu modoka yo mu bwoko bwa Toyota IST. »

Publicités