Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza. Uwu murongo ukwibukije kuba magabo

1Ab’ikorinto 12:33 Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza. Uwu murongo ukwibukije kuba magabo.

Ababi mushobora kubana mu nzu, mushobora gukorana Ku kazi aho ukorera, mushobora kwicarana kw’ishure. Mbega ubafata gute? Ijambo ry’Imana rirasuzugura kandi rigakengera ababi.

Ikibazo: ababi bameze gute?

Inyishu: ababi ni abantu badakijijwe, ntibagendeshwa na Mpwemu Yera. Bavuga ivyo bishakiye,bariba,barasambana,barica,barabesha,barashegura,bakora ibiteye isoni ,ntibagira imbabazi,ntibizerwa,barihora,bariyorobeka,ntibiyuzuza ,ntibahanurwa,ntibatanga imbabazi,bafise inzigo,ntibafasha,….

Gerageza ubace kure,kandi ntugire ingeso nimwe yabo wandura. Ababi bararwiriye, wirinde kwama unezerezwa,canke utwenza n’ibiyago vyabo.

Twebwe duhamagarirwa kuba abera nkuko iyaduhamagaye ari iyera.Tudasambana nkuko Isi ya none ibikora. Twirinde ntitwiyanduze.

Dusenge:Nyene icubahiro Data wa twese Uhoraho erega izina ryawe risumba ayandi yose,turagusavye ngo uharire ivyaha n’ububi bwacu,uturinde kugendana no kunezerererwa ababi,uturwanirire mu ibibazo vyose ducamwo ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.

Publicités