Gukubitwa n’umukunzi biba bitewe n’ukuri , arik’ugusomagura kw’umwansi buba ar’uburyarya

IMIGANI 27:6. Gukubitwa n’umukunzi biba bitewe n’ukuri , arik’ugusomagura kw’umwansi buba ar’uburyarya.

Bibiliya irakunda kutubwira kudatinya igikangiro canke uguhana kw’Uhoraho kuko umuvyeyi akunda umwana wiwe aramuhana.

Guhanwa n’umuvyeyi si urwanko ahubwo ni ugutozwa indero nziza.

Uhoraho aradukunda,kandi aratwitayeho.Niwabona ugeragejwe ntuce uhungira kwa satani, kuko satani we ni sēsa nkuyoze.

Nta rukundo satani agufitiye.wogomba woguma Ku mukiza wawe.Ico satani akwifuriza ni ukuzoturiranwa nawe. Urubanza rwiwe rwarahejeje gucibwa,ntabwo akibabarirwa. Igituma satani akora ijoro n’umurango ni kuberako atwanka canke cane,ashaka kutunaniza kugira ntituzobone ubwami bw’Imana.

Ngwino kwa Yesu,agufitiyej urukundo, imbabazi,amahoro, umunezero,inêzá,Ubuntu, n’ibindi vyiza vyinshi kandi aguteguriye ubwami bw’ijuru.

Dusenge: Uhoraho dutangazwa n’urukundo ukunda abanyavyaha,none turabisheko imbabazi zawe,kandi udutabarane ineza yawe. Ni mw’izina rya Yesu twizeye, Amen.

Publicités