Uhoraho acira amahanga imanza: Uhoraho, uncire urubanza rukwiranye no kugororoka kwanje

ZABURI 7:8 Uhoraho acira amahanga imanza: Uhoraho, uncire urubanza rukwiranye no kugororoka kwanje, n’ukuri kuri muri jewe.

Shengero ry’Imana ni muze dusubire Ku musalaba,ni muze dusubire Ku Mana.

Mbega Imana yogucira urubanza rukwiranye n’ukuri kwawe,n’ingendo zawe, ubona wohava uharokoka amahoro? Reka rero twame twisuzuma uko bwije uko bukeye,hama tubone uko dutakambira Imana.

Imana ntigomba kwihuta guhezagira abibone ubwibone bwabo butarabavamwo. Banza wiyambure vyose bibi,hama Imana ikwambike icubahiro.

None ugomba ko umugisha w’Imana ugushikako? Ukiri: umubeshi,ingunge,wuzuye ubwiyemezi,akagaye,udaca bugufi,udashoboye kubona uwushonje ngo umugaburire,urusaku,ukenye imbabazi,umutima wawe utagushingira intahe ko ukijijwe,ukenye ukuri kwo mu umutima,…???

Banza wihane,uhinduke rwose, hama usabe Imana ico ugomba cose. Kuko niwaba ucishushanya n’ivyiki gihe,ugaca ubironkeramwo umugisha, uzoca usanga uzimiye nyakuzimira.

Dusenge: Mana turagushimiye kubw’iyi ngaburo y’umutima uduhaye,dushoboze kwitandukanya n’ububi bwose hama uduhezagire,Amen

Publicités