Ubushikiranganji bw’indero inyigisho z’ubuhinga n’imyuga bwashikirije ivyaranguwe mu mezi 3 aheze

Ubushikiranganji bw’indero inyigisho z’ubuhinga hamwe n’imyuga bumenyeshako mu mezi atatu aheze bwakiriye amashure mashasha 99 muri 177 zari zitezwe. Ivyo vyashikirijwe kuruno wa gatatu igenekerezo rya 24 Gitugutu 2018,n’umunyamabanga ntayegayezwa w’ubushikiranganji bw’indero inyigisho z’ubuhinga hamwe n’imyuga Hermenegilde BURIKUKIYE mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Hermenegilde BURIKUKIYE yavuze ko murico kiringo c’amezi atatu amashure nshingiro angana 14 yaronkejwe umuyagankuba uva ku zuba kandi hashoboye kwandikwa neza ibitabo 54 vy’umwigisha hamwe n’ivy’umunyeshure bikoreshwa mu gisata c’imyuga.

Uyo munyamabanga ntayegayezwa murubwo bushikiranganji avuga ko murico kiringo hatanzwe inyigisho ku bigisha ibijanye n’ururimi rw’igiswahiri hamwe n’ibijanye n’ubuhinga bwa none.

Hermenegilde BURIKUKIYE avuga ko mu mezi atatu aheze hakozwe ingendo nyinshi zo kwishikira ku kivi mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kuraba ko amategeko yashinzwe akwirikizwa.

Publicités