Umudasigana KADEGE Alphonse-Marie yagize ico ashikirije ku gice canyuma c’ibiganiro bibera Arusha.

IBIGANIRO MURI TANZANIYA (24 -29/10/2018) :

Ni Ibidukiza canke ni Simusiga ?

Ejo haratangura ibiganiro mri Tanzanie. Kandi ngo ntibukuka, ni ivya nyuma. Bisigura ko abanyepolitike bumvikanye, bizoba ari vyiza. Batumvikanye naho, uruhande rwose ruzoca rurema inzira yarwo. Leta n’imigambwe iyishigikiye ukwayo, Cnared n’abo bari kumwe ukwabo.  Baterane imigongo. Hanyuma bice aho bishaka! Mugabo, umengo hari uwa gatatu yibagiwe. Ari we yarimwo!

BANGWE. UBURUNDI NTIBUKINWA AKAMARI.

Abarundi si amakarata. Rero, kirazira kubatera nk’urusimbi. Ngo bihitemwo ! Abarundi si bo basomboye iyi nduru, si bo bagumye bagabitanya, si bo baducereje. Si bo bobihanirwa, ngo abe ari bo basigara barawota.

Akabi kabishe – twihoze abahuza – ni twebwe abanyepolitike, naho atari twese. Akabi kabishe, kuva twikukira, ni uruhererekane rw’abatware (leadership) mu nzego, mu migambwe n’imihari. Ba “ Barukwege” bai muri twebwe, twraba, tukihimbara, tukimoma, tukitazira ngo turi”intore, imboneza, indongozi, intabonwa” ( mu kizungu” les elites de la nation”). Abarundi ba Nyarucari, bamye bakwegwa mu rwimo abanyepolitike bateje ku nyungu zabo, bakaba ari bo bagwa mu mporero. Kanatsinda ngo utekana inkono y’ikibi n’umukuru, yasha akayigutana.

ABANYEPOLITIKE DUCUNYE. DUCE BUGUFI.

Kuva twikukira, abavumvye urwanko n’ amacakubiri mu banyamahanga no mu mahanga, abayaramije abanyagihugu, si muri twebwe; abakokeje nubu bagikokeza ubwicanyi, si muri twebwe; abacura abarundi, bakabanigisha inzara n’ibiturire, ntibarangwa muri twebwe nyene? Ivyo vyose, ni wo muzi , n’umutumba n’amashami y’amagorwa igihugu kimaze mwo imyaka hafi 60. Ntituri beranda  nukuri.

Ingo rero duce bugufi, tuje mu biganiro twitonze, ata vya « simusiga”, tureke kwikunguta, gukankamirana, guterana ibidashika, guterana agatsinde kandi tubona neza ko umunyagihugu ariwe ahagwa. Ingo twicare hasi, twinegure, bituviremwo kwitonda no gufata umwanya ukwiye wo gusuzuma no kunoza ibibabaje abarundi kandi vyatumvuyeko, naho. Amanyama n’ubwibone dushire hasi kuko:

NTITWISERUKIRA

Muri ico cumba c’ibiganiro, hari naho intumwa zizoshikayo zizoba zitarenga ijana. Naho mu bitugu vyanyu, mu gutwi kwanyu hazoba hari amajana y’abandi banyepolitike ku mpande zose, bamwe babakurira, abandi mukurira mu nzego no mu migambwe murimwo, abari ku ntebe n’abazihozeko, si mwebwe BARUNDI, si mwebwe Burundi. Abo banyepolitike nadondaguye twese dukoranye, wosanga turi ku rushi. Nimba twoshika ibihumbi bitatu (3000), vyotangaza.Turi bake: imbuza kurahira. Rero, kubera Uburundi tutaburanguye, kubera inyungu zacu zitama zihuhuye n’iz’igihugu cose, mu cumba c’inama n’ibiganiro

TUZOKWINJIRANE NA ZA MILIYONI CUMI Z’ABARUNDI N’INYUNGU ZABO

Abajanywe no kumata ku ntebe zabo canke kuzisumira ngo bajugunye abandi; abajanywe n’ukwidandaza kugira bahushije icicaro bapfume batahana igifovya c’amafaranga; abagiye guhana ibigongwe kugira twuhagirane ivyaha twakoze, kugira tubandanye tuziritse intahe, agapfuye kagume kabazwa ivu, abagiye guserukira ubwoko bwabo canke imigambwe yabo ngo abasigaye ni bahonyore: abo bose bazoba biserukiye, bazoba bimye amatwi abarundi, bazoba babataramuye, bazoba babateye ko amaturufu kugira barye; bazoba ari abahemu, batagomba ko Uburundi bukira. NTIBIKABE. Kugira ntibibe, mu cumba c’ibiganiro, intumwa, abanyepolitike twese, dukwiye kwinjirana no gutambutsa:

INYUNGU Z’ABARUNDI BOSE.

NK’abanyepolitike b’iteka, dutegerezwa guhindura ingendo mu biganiro, dushake umuti w’ibibabaje abanyagihugu, umuti ubavura ibikomere twabateye, na vya biti tugomba kugabura, tubigabure bigana kubaruhurira, tuje twatonekara aho, bo, bababara, kandi bose, abahutu n’abatutsi n’abatwa, abanyamigambwe yose, abagore n’abagabo, urwaruka n’abahumuye, bose baragowe, bose bariza ijisho uwobaremurura amagorwa barimwo y’ukubura amahoro, y’ubukene, y’ukutabona kazoza k’abana babo n’ iyo tuja nk’igihugu.
Kuva twikukiye, abarundi babonye menshi, bababajwe na vyinshi kandi bakiriko. Bova muri ako kaga, bokwiruhutsa:

1.    Abarundi ibihumbi n’ibihumbagiza barishwe kandi baracicwa nk’ibikoko. Bava mu miryango yabakunda. Yarakomeretse. Irababaye. Abanyepolitike twoyihoza gute ko hari abahakanye ivyari mu masezerano ya Arusha?

2.    Abarundi ibihumbi n’ibihumbagiza barahunze igihugu cabo, barasanzaye mu mahanga ya kure; abandi mu mahanga ya hafi; abanda mu gihugu hagati. Abo bose, baragowe: hari abagituratura mu bisagara, abandi mu makambi, ay’imbere mu gihugu no mu bihugu bidukikije, baraturubikwa, barasusugurwa, barakubitwa iz’abayobe, barashimutwa, baricwa nk’iKongo, muri Tanzaniya, mu Buganda, muri Zambia, naho n’I Burundi, ku Ruhororo, I Bugendana n’ahandi: nabo barababaye. Abanyepolitike, muri ibi biganiro, twobaruhurira gute? Mbeye umunyepolitike yumva, abona umurundi bataye uruzogi hamwe acirwa ko amate, akubagurwa, acinywa n’abanyamahanga, ntiyumve agashavu kaduze, aba ari umunyepolitike nyabaki? Mbeye umunyepolitike akorera  ako kaja indushi zahungiye imbere mu gihugu, indushi zamucitse, ntacutse agatima k’ikigongwe, ko kwigaya, aba ari umunyepolitike nyabaki?

3.    Abapfasoni n’abakobwa bambuwe iteka, imbere y’abavyeyi babo canke imbere y’abana babo, bahahamutse, bacanganiwe, bamugaye ku mutima n’umubiri kubera ayo mahano, abo bantu barababaye.Sinzi ko mwene uwo mubabaro ukira. Mugabo kubahoza, ku munyepolitike afise iteka, akunda abiwe, s’ukurarikira urwaruka kubandanya ubwo buhimbiri. Muri ibi biganiro, abanyepolitike nyakuri, bakunda igihugu n’itea ryaco, bobagarukira gute?

4.    Abarundi isinzi bari mu gihugu, abarimyi, abadandaza,abisumamwo batagira epfo na ruguru, baranyagwa, baraboza n’ibiturire bigerekeranye, barashonje, barasonzesheje abana, barara ntibuca, bacunaguzwa n’urwaruka bavyaye, basopwa uko bukeye uko bwije, baranyuruzwa, baricwa, bazira ubwoko bwabo, imigambwe n’ivyiyumviro vyabo, canke bazira ubusa. Inyungu zabo, abanyepolitike, twozitambutsa gute muri ibi biganiro?

5.    Urwaruka rwababa 60/100 kuri za miliyoni cumi rwakuriye mu nduru kuva 1993 gushika uyu munsi, urwiga n’urutiga, barugarijwe n’ubushomeri,harimwo abajuragizwa, hari abigishwa urwanko n’amacakubiri, ubushirasoni, ubwambuzi no kwica abiyumvira ukundi, abo badasangiye ubwoko n’imigambwe Abo barababaye,  barihebuye kuko batagira icerekezo ca kazoza. Abo nibo twazigamwo abazoshayura igihugu, Uburundi bugasubira kuvyuka, kwiyambika agahuzu mu makungu. Mu biganiro, abanyepolitike twobaramira gute?

6.    Igihugu cacu ciza c’Uburundi, carababaye, carazingamitswe n’ingendo z’abanyepolitikeb b’igito,  bikunda, bakakivisha uko imyaka cumi iheze, kigeze aho umwansi ashaka; cabuze urupfu.

Iyo ngwara yasinzikaje Uburundi bwacu si iyindi: ni agatimatare ko kwigungirako, ko kwikunda birengeje, k’urwanko n’amacakubiri, utibagiye ubujuju (mediocrite).Ivyo bikaba vyatumye amaraso aseseka na ntaryo, abayasheshe bakayaherana. Inkwezi y’amarere, ni hahandi nyene: ni abanyepolitike, naho atari bose.

Gukaraba amaraso y’abavukanyi twisubiriza, vyakweze umuvumo w’ubumuga ku gihugu cacu, tukinanata bikanka, tugasubira bikanka, ivyo dufundikanije ngo dukire, bugaca kabiri, bigatekuruka ( Politike y’amajambere kuri Republika ya kabiri, Amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi, Intwaro rusangi ishingiye ku migambwe myinshi, Amasezerano y’i Arusha).None ubu duteye nk’inka ibutama. Niyo igerageza guhaguruka, ikabanza amahembe imbere, ikarundukira hasi.

Ico twimbuye muri ako gatimatare kagayitse, ni akagaye n’akagayo ! Amahanga aritwengera. N’abatodutwenze. Kanatsinda, mu vyiza, Uburundi butonda inyuma y’ibindi bihugu nka vyose, mu bibi, duharurwa imbere. Baradutwenga ubujuju, baradutwenga ubujura, baradutwenga ubukene, bambe ubutindi twishizemwo, baradutwenga ubugome ndengakamere twivurungamwo, baradutwenga ko turi indongozi (elites) zihumirije, zikunda zo nyene, zitanezwe kazoza k’abanyagihugu zijejwe.

IKIBAZO NI KIMWE KU BANYEPOLITIKE :

None duhebe? Duhere mu kibutamo ? Uburundi bwacu buhenebere, natwe duheze mu mitonge, mu mpari z’urudaca?

Hari hageze ko dushira mu kuri, tugahuza aho guhogozanya, kugira ducura iteka I Burundi. Abarundi baraciye umugani bati: “Imbuzibuzi y’umugabo, ibura akantu ntirondere akandi”.

Enda rero ngo dusibe kuba imbuzibuzi z’abagabo, dupfundikanye impuzu,tuve mu kibutamo, tuduge umurwa, turondere”AKANDI” muri ibi biganiro, abanyepolitike twisubireko, twigarure, twiyibagire, Uburundi bukire, abarundi isinzi b’inzirakarengane bakire. Kugira ivyo bishoboke, kugira twiyibagire, turengere Uburundi, bisaba abanyepolitike  kurinda, bibasaba ubutwari. Imbere yo kubizako, ngiyi intango twaraye duhawe n”Umwungere wa Archeveche ya Bujumbura aho twibuka Umuganwa L.Rwagasore ashengera; yavuze ati “Ese abumva ko ari abaganwa b’iki gihe, n’abashaka kuba abaganwa b’ejo, bose bokwirinda kuguma baraba inyuma gusa, kugira ngo, gutyo, bategurire kazoza keza UBURUNDI IGIHUGU CACU KIGIRE ITEKA, ITEKANE, N’ITERAMBERE”.

Ibi biganiro, ejo aho bukera, bidukure mu kibutamo, bituduze umurwa, tugane iteka n’iterambere nk’abandi, aho kuguma turaba inyuma.

Alphonse Kadege

Publicités