Uba mu bwigobeko bw’isumba vyose Azokwama ari mu gitutu c’ishobora vyose.

ZABURI 91:1 Uba mu bwigobeko bw’isumba vyose

Azokwama ari mu gitutu c’ishobora vyose.

Aho niho nkwifurije kuba, Ube uwo kurindwa no gutabarwa n’ishobora vyose.

Naho wovyirengagiza,ariko umenye ko satani akwanka kandi akurwanya.

Habwa icubahiro Yesu ko utubereye maso buri gihe.

Uwo mubi w’umwansi yatanguriye intambara mw’ijuru,n’ubu aracabandanya kuturwanya gushika igihe atazoba agifise ububasha bwo kuturwanya,kuko igihe ciwe co gukora kiriko kiregereza kurangira,hama abone kwota umuriro no kunywera Ku gikombe c’uburake bw’Imana.

Dusenge: Mwami Yesu turagushimiye ko twacunguwe kubw’imbabazi n’urukundo none tuzigamire mu mababa yawe satani atatwifatira,Uhoraho wumve uko tugusenga wishure ugutakamba n’amarira yacu,ni mw’izina rya Yesu twizeye Amen.