Mkapa yategetse yuko ibiganiro bibandanya i Arusha naho reta y’u Burundi itahari

Umufasha w’umuhuza prezida Benjamin William Mkapa yahaye abitavye ibiganiro i Arusha amasaha mirongo ine n’umunani ngo babe bamuhaye ibintu ngenderwako vyotuma amatora yo mu 2020 agenda neza mu Burundi.

Avugira mu nama yategerezwa gutangura ku wa gatatu itariki 24 z’ukwezi kwa cumi mu 2018, Bwana Mkapa yavuze ko ubwa mbere ivyo biganiro vyari gutangura itariki 19 z’ukwezi kwa cumi uyu mwaka, ariko reta y’Uburundi isaba ko vyokwungurizwa ku rindi sango.

Ivyo vyatumye hashingwa itariki nshasha ya 24 z’ukwezi kwa cumi ariko na ho nyene reta isaba ko vyokwungururizwa mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Publicités