Abahoze ari abarwanyi ba FDLR begeranirijwe i Kisangani muri Kongo ntibagira ayo bacira n’ayo bamira

Abahoze ari abarwanyi b’umugwi urwanya ubutegetsi bw’u Rwanda, FDLR, bashize ibirwanisho hasi bakajanwa i Kisangani, ngo bari mu kwicwa n’inzara bakanabwirizwa gutaha mu Rwanda.

Abo bahoze ari abarwanyi bashize ibirwanisho hasi mu 2014, begeranirizwa mu nkambi ya Bahuma iri i Kisangani mu buraruko bwa Republika ya Demokrasi ya Kongo.

Intumbero yari uko barondererwa ahandi baba muri Kongo canke bakajanwa kuba mu kindi gihugu kitari u Rwanda.

Haciye imyaka ine rero ata kirahinduka, bakavuga ko Kongo yababwiye ko bagomba kuba bavuye ku butaka bwayo bitarenze itariki 20/10/2018, bagatahuka mu Rwanda.

Ariko bo bavuga ko badashobora gutahuka ngo kuko umutekano wabo mu Rwanda utizewe, mu gihe bavuga ko bafise amakuru y’uko bagenzi babo batahutse bamwe bishwe, abandi barafungwa eka mbere ngo hari n’abagarutse muri Kongo.

Publicités