Ishengero Full Combat Jerrycan ry’imborerwa mu karere ka Turkana muburaruko bushira uburengero bwa Kenya

Ishengero rya Full Combat Jerrycan n’iryo abantu b’imborerwa riri mu kigwati ca Califonia mu gisagara ca Ldwar mu buraruko bwa Kenya. Iryo shengero abayoboke bakoranira musi y’igiti kandi baborewe inzoga ikorerwa muri ako karere izwi kw’izina rya Kaada mu rurimi rw’igiturkana.

Iryo shengero ryatanguye mu mwaka wa 2016, abayoboke baryo bose abakaba ari imborerwa bakorera mu nzu zidandarizwamwo iyo nzoga ya Kaada aho i California.

Kandi izina ry’iryo shengero ryarateye impari kubera ko abayoboke baryo bose bemeza ko rizwi kw’izina rya Full Combat Jerrican mu gihe umuvugabutumwa wabo we avuga ko ryitwa Redeemed Gospel.

Publicités