Intonde zabiyandikishije kwinjira mu giporisi zashizwe ahabona

Ubushikiranganji bw’umutekano,gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe bumenyeshako abiyandikishije kwinjira mu giporisi c’uburundi boja kuraba intonde z’abiyandikishije kuva kw’igenekerezo rya 30 Gitugutu 2018 gushika kw’igenekerezo rya 1 Munyonyo 2018 kuva isaha imwe n’inusu zo mu gitondo gushika isaha cumi n’imwe n’inusu z’umugoroba ku mirwa mikuru y’intara bavukamwo. Umushikiranganji w’umutekano,gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe CPC Alain Guillaume BUNYONI avuga ko abemerewe gukora ibibazo bitegekanijwe bizokorwa kw’igenekerezo rya 6 gushika 10 Munyonyo 2018 ku mirwa mikuru y’intara bavukamwo kandi biyandikishijemwo .

Uwo mushikirangaji asaba abazoja gukora ico kibazo kwibangikanya ikarata karangamuntu yabo hamwe n’agapapuro bahawe igihe biyandikisha.

CPC Alain Guillaume BUNYONI asaba abajejwe intwaro gufasha kugira mu biyandikishije ntihabemwo ababesha ku bibaranga,abavyeyi n’abajejwe indero nabo mu mashure abasaba gufasha ntihagire abana bari mu mashure kudata ivyigwa ngo bagiye kwinjira igiporisi.

Uwo mushikiranganji aheraheza avuga ko abatemerewe gukora ibibazo kubera badakwije ibisabwa bazosubizwa amadosiye yabo.