Gitega :Abagirizwa kwica bunyamanswa uwugendeshe ipikipiki baciriwe urubanza

Sentare nkuru y’igihugu y’intara ya Gitega yaciriye umunyororo w’ubuzima bwabo bwose abitwa Dushime Eloge,Gentil Elvis ARAKAZA,Pacifique IRAKOZE hamwe na Jean Marie NSHIMIRIMANA bagirijwe icaha co kwica bunyamanswa umumotari yitwa Bede NTEZICIMPA.

Amakuru dukesha umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa Agnes BANGIRICENGE amenyeshako Eric HAKIZIMANA yagirizwa kubika ipikipiki yibwe yaciriwe umunyororo w’impaga w’umwaka umwe.

Ayo makuru avuga ko abo bagizi ba nabi bose uko ari 4 baciye batwaga mw’ibohero rikuru ry’intara ya Gitega.