Ubutegetsi bwa Tanzaniya bugiye kugena umugwi uhiga abakundana basangiye igitsina

Igipolisi ca Tanzaniya camenyesheje ko kigiye kugena umugwi wo guhiga abakundana basangiye igitsina ku mbuga hwaniro, munyuma batabwe mu mvuto. 

Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Dar es Salaam, Paul Makonda, yavuze ko uwo mugwi w’abantu 17 uzoba urimwo abakozi ba leta bo mu gisata c’itumanako « Tanzania Communications Authority », igipolisi hamwe n’abo mu gisata c’itangazamakuru. 

Umurimo wabo uzoba ari gusesengura amakuru yo ku mbuga hwaniro ngo bamenye abantu baja mu mibonano y’abasangiye igitsina.

Mu nama n’ibigo vy’itangazamakuru, Bwana Makonda yahamagariye abanyagihugu guhanagura amafoto y’abantu bari gusa mu matelefone yabo, agabisha ko hazofatwa ingingo zikomeye ku baraba ubusambanyi bwo ku mbuga ngurukanabumenyi.

Publicités