Kukw’irindi tanguriro ata muntu ashobora kurishiraho, atari iryashizweho, ni ryo Yesu Kristo.

1AB’I KORINTO 2:11-13 Kukw’irindi tanguriro ata muntu ashobora kurishiraho, atari iryashizweho,ni ryo Yesu Kristo. Arikw’iryo tanguriro umuntu niyaryubakishakw’izahabu,cank’ifeza,cank’amabuye y’igiciro kinini,cank’ibiti,cank’ubwatsi,cank’ibisakasaka,igikorwa c’umuntu wese kizoseruka. Wa musi uzogiserura,kuk’uzohishuranwa n’umuriro,kandi igikorwa c’umuntu wese uwo muriro uzokigeza ico kirimwo.

Urashobora kwiyorobeka Ku bantu ngo uriko urakorera Imana,ariko umuriro niwo uzogaragaza ibikorwa vyawe vyose.

Mbega aho twarahisemwo Kristo vy’ukuri? Mbega twubakishije iki? Ko kururwo rutare tudapfa kwubaka ukwarikwo kwose ngo birakunda!!! Bisaba twubake ibitanyiganyiga, no mugihuhuta kandi bidasha no mumuriro,mbere bidashonga nokuruzuba.

Reka twongere twisuzume. Urugendo turimwo bisaba kwama twisuzuma. Mbega ndacakijijwe? Mbega narigeze nkizwa? Mbega sinataye umurongo?

Ijambo ry’Imana ryatubwiye ko atarindi tanguriro turi bwironkere atari Kristo. Rero nitwubake ibikomeye kur ‘urwo rutare. Mbega ibibazo,ingorane n’ibigeragezo,amarushwa,kwankwa,… ntivyoba vyaratumye dusambura ivyo twari tumaze Kwubaka? Nitwirabe neza.

Mbega agahimbo,ukudakehanirwa,umwidegemvyo,… aho ntivyoba vyaratumye dusambura ivyo twari twarubatse kuri Kristo.

Niwirabe nanje nirabe hama tuje (dusubire) kwa Kristo.

Dusenge: Uhoraho Mana yacu turagushimiye ko uduhaye ingaburo yokudukebura ngo twisuzume,none subira utwibutse urukundo rwawe ni mw’izina rya Yesu Kristo twizeye, Amen.

Publicités