Abanyeshule barenga 70 banyurujwe ahitwa Bamenda mu gihugu ca Cameroun

Abanyeshuli 79 hamwe n’abandi bantu batatu banyurujwe mw’ishuli ry’indaro ry’ahitwa Bamenda, mu burengero bwa Cameroun.  Abanyurujwe barimwo n’umuyobozi w’ishuli bafashwe ku wa mbere mu gitondo, nkuko umutegetsi wo muri ako karere yabimenyesheje BBC. 

Muri kino gihe igisirikare ca Cameroun kiri mu bikorwa vyo kurondera abo banyurujwe. Uturere two mu buraruko bushira uburengero n’ubumanuko bushira uburengero bwa Cameroun, tumaze igihe twaribasiwe n’imigwi y’abipfuza kwiyonkora ku gihugu ca Cameroun muri ino myaka ya vuba. 

Bulamatari wo muri ako karere Adolphe Lele L’Afrique yavuze ko abagwanyi b’iyo migwi aribo bakoze ubwo bubisha.

Abo bagwanyi bamaze igihe basaba ukwikukira kw’intara zibiri zivuga ururimi rw’icongereza, basavye ko amashuli yohagarikwa. 

Ariko nta mugwi numwe uravuga ko ariwo wanyuruje abana bo kw’ishuli ryisumbuye « Bamenda’s Presbyterian Secondary School » rifise abana bafise imyaka iri hagati ya 10 na 14. Videwo ya bamwe muri abo bana yoba yafashwe n’umwe mu babanyuruje, yakwiragijwe ku mbuga hwaniro. 

Abo banyeshuli bose b’abahungu bari bashizwe mu kumba gato, ubona bashavuye, uwabafata amashusho ya videwo abasaba kuvuga amazina yabo naho baturuka.  Basubiramwo rino ryungane: « Nafatiwe kw’ishuli n’aba Amba boys, sinzi aho ndi. » Amba ni impfunyafunyo ya Ambazonia, izina ry’igihugu gishasha abo bagwanyi bashaka gutanguza. 

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s