Abasirikare ba Leta y’uBurundi bariko barafashanya n’abasirikare b’igihugu ca Congo Demoratique mu gikogwa co gutuza imigwi yitwaje ibigwanisho

Umutekano w’akarere k’ibiyaga binini vya Africa si agahore kandi ni kuva kera. Imigwi yitwaje ibigwanisho igwanya leta y’uBurundi, uRwanda, Uganda na Congo yatse indaro muri ico gihugu ca Congo kubera cagutse, hari amashamba menshi kandi yimbuka cane.

Leta y’uBurundi yahisemwo kuva muri uku kwa munyonyo kugwaniriza iyo migwi ivuga yuko igwanya igihugu iyisanze iyo yinyegeje mugabo yabigize ibanga. Aha twovuga nkimigwi imaze kwitangaza nka FNL, RED na FOREBU. Amakuru dukesha ibinyamakuru vyaho muri ico gihugu ca Kongo avugako iyo migwi imaze iminsi ihigana n’abasirikare ba Leta y’uBurundi kandi rimwe na rimwe inkumbi zikagwa.

Na Leta ya Tanzania iri muruhigi gwimpunzi z’abarundi yumvise yuko bakorana niyo migwi iri I Kongo kuko ngo boba barahawe ubufasha bwo kuzodurumbanya umutekano wico gihugu. Ubu rero hariho impunzi z’abarundi zihigwa buhongo muri ico gihugu uretse abatari bake bamaze gutabwa mu mvuto.

Publicités