Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse ku minsi ya Mercredi na Samedi twama dufise amasengesho y’Ihanga ry’Imana ryose uretse amasengesho akoregwa mu bicaniro bitandukanye n’agigwa n’imigwi itandukanye.
URUFATIRO: » Mwame mwitararika amajambo y’Imana yose aca kuri Radio Isezerano, mwiyeze, mutange amashimwe kandi mwame musenga ubudahema ntakabuza Uhoraho Imana igiye kubagirira neza. »
IGISOMWA n’INYIGISHO: Ab’i KOLOSAYI 3:8-14
A. Mwiyambure ibi vyose: uburake (ishari), kujingitwa, urwanko rwubusa, gucokorana, kandi ntihakagire amajambo ateye isoni ava mukanwa kanyu kandi ntimukabeshane.
B. Mugire ingeso z’abera Ihanga ryatoranijwe n’Imana: mukugira umutima w’ikigongwe, ineza, ukwicisha bugufi, ugutekereza, ukwihangana, uguharirana, n’urukundo .
IVYO MPWEMU AHISHURA: » Ni mubohoke ku moko, amadini, intara, imiryango, ishari, inzigo n’ibindi vyaha bikunda kubizingirako kugira ngo mubeho amahoro »
IMITWARO: Ugusengera imitwaro y’abaremwe bose
– Abashumba b’ihanga ry’Imana bose, ingendo zitandukanye barimwo, imigambi y’iterambere iriko irarangugwa, imigambi yo gufasha abagwaye, impfuvyi, abapfakazi, abageze muzabukuru, impunzi n’abapfunzwe.
– Gusengera igihugu c’Uburundi ngo Imana ishitse ivyiza vyose yagisezeraniye, gusengera abagwaye, impfuvyi, abapfakazi, abageze muzabukuru, impunzi abapfunzwe n’abana bo mwibarabara.
– Dusengere abantu bari mu gihugu n’abari mumakambi y’impunzi no mutundi turere, satani yabateje impwemu ya nyawihebuza iza yiyongera ku bukene, amagwara, inzara n’uutekano udashemeye.
-Dusengere ingo ziriko zirasambuka kubera satani yagavyeibitero bikomeye mu ngo z’aba Kristo nkizo abandi bose.
– Kubicaniro twarungitse amazina yabagwaye baremvye abari kumisego n’abagiye kuvurigwa mu mahanga,mukubasengera ni ukubavuga amazi naho bari kugira ngo tuzokwumve intahe zabo yuko Yesu yabakijije.
Ni dusangwe Imana , uBurundi n’Isezerano.
Bigiriwe I Bujumbura kuwa 07/11/2018
Umushumba w’Ihanga ry’Imana