Umugambwe FNL Amizero y’Abarundi wa Agathon Rwasa ntiwemejwe n’ubushikirangaji bw’intwaro yo hagati kugihugu

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu c’u Burundi bwavuze ko budashobora kwemera umugambwe FNL Amizero y’Abarundi bitewe nuko udakwije ibisabwa n’amategeko.

Ivyo vyamenyeshejwe mu nyishu iri mw’ikete ryarungikiwe uwurongoye uwo mugambwe nyene, Agathon Rwasa. 

Mw’ikete BBC Gahuzamiryango yabonye, ubwo bushikiranganji bubwira Rwasa bwishura ku kete uwo munyapolitike yari yanditse asaba ko umugambwe wiwe wokwemezwa.

Ikite rigira riti « Tumaze gusuzuma neza dosiye, twasanze ko ibimenyetso n’icivugo vy’umugambwe wawe urondera kwemegwa bisa n’ivy’uwundi mugambwe umaze kwemegwa.

« Nta mugambwe n’umwe wa politike ushobora gufata izina, icivugo canke ibimenyetso bisa n’ivy’uwundi mugambwe ».

Mu kwezi kw’icenda guheze, umushingantahe Agathon Rwasa niho yatanguza icese umugambwe FNL Amizero y’Abarundi avuga ko uharanira ubwigenge.

Yawushikirije inyuma y’inama rukokoma yagiranye n’abamufasha kuwutanguza bagera ku 500 bava mu mihingo yose y’igihugu.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s