Botswana: Imbogo amajana zatwawe n’uruzi zihunga intare

Imbogo amajana zariko zihunga intare zatwawe n’uruzi ku rubibe rugabura ibihugu vya Botswana na Namibiya, bituma abanyagihugu baronka inyama nyinshi bataziga.  Mu matohoza yakozwe kare bivugwa ko ivyo bikoko vyariko bihunga intare munyuma bigwa mu ruzi, nk’uko ubutegetsi bwa Botswana bwabishikirije. 

Umuntu afise ihoteri yabwiye BBC ko izo mbogo zaheze mu mazi zishikiriye iyindi nkombe y’uruzi yabaye ndende, vyanka ko ziyiduga zica zipfira aho. Avuga ko atari bwigere yumva imbogo nyinshi nkizo zatwawe. 

Ubutegetsi bwa Botswana buvuga ko imbogo 400 arizo zapfuye.  Abantu baba muri ako karere baciye batwara izo mbogo kuzifungura.  Simone Micheletti, afise ihoteri hakurya y’inkombe ikukira igihugu ca Namibiya, yavuze ko ivyo bikoko vyari vyinshi cane – hafi imbogo 1000.  Niwe yafashe aya mafoto y’ingene vyari vyifashe.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s