Uburundi bwashize abakozi ku mupaka mu guhangana na Ebola

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi bwamenyesheje ko bumaze gushira abakozi n’ibikoresho ku mupaka, mu ntumbero yo kuzitira ikiza ca Ebola. Umushikiranganji Thadée Ndikumana avuga ko imyiteguro igeze ku rugero rushimishije. Ku mipaka yose, twarashizeho abakoze b’ubushikiranganji bafise ibikoresho bikwiye kandi bipima mu mwanya mutoya ingwara ya ebola. Turamaze no guha inyigisho abamenyeshamakuru kugira ni vyakenerwa bazofashe gushikana ubutumwa kure’, nikwo umushikirananji yasiguye.

Ibi umushikiranganji w’amagara y’abantu yabishikirije kuri uno wa kane igihe yashikiriza ivyaranguwe muri aya mezi atatu aheze.

Kimwe mu bibazo vyabajijwe kwari kumenya ingene uruja n’uruza rucungerwa mu tuyira tutazwi n’amategeko abanyamahanga bashobora gucamwo mu mpisho baje mu Burundi.

Umushikiranganji Thadee Ndikumana yishuye ko iyo ngorane bayizi, ariko ko iriko iratorerwa inyishu. Duca dukorana n’abajejwe intwaro. Igihe cose babonye mu duce batwara haje umuntu w’umushitsi ava hanze y’igihugu, baca baduhamagara tukaza kuraba ko yinjiye mu buryo buzwi maze tugasuzuma ko yapimwe ingwara ya ebola. Dusanze atapimwe duca tumusuzuma tugasuzuma n’abo barikumwe bose’, nikwo umushikiranganji abandanya asigura.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s