Amerika yashizeho amategeko mashasha atemerera abimukira badakurikije amategeko ubuhungiro

Abimukira binjira muri Amerika baciye mu bumanuko nta buhungiro bazohabwa hifashishijwe itegeko rishasha rigenga abimukira nk’uko bivugwa n’ubutegetsi bwa Trump. 

Iryo tangazo ryashizwe agabona n’igisata kijejwe ubutungane n’umutekano vy’igihugu, rivuga ko iryo tegeko rishasha rizofatira ingingo abimukira bazorenga ku mategeko mu kwinjira muri Amerika.

Prezida arafise uburenganzira bwo kwirukana abimukira « ku nyungu z’igihugu », ni ko iryo tangazo rivuga.

Ikibazo c’abimukira ni co cari imbere mu myiyamamazo ya prezida Trump mu matora yo hagati mu kiringo mu 2018.

Trump ahanganye n’umurongo muremure w’abimukira bava muri Amerika yo hagati bashaka kwinjira muri Amerika baciye ku rubibe rwo mu buraruko.

Yategetse igisirikare gukizura kuri urwo rubibe mu ngingo yafashe avuga ko ari iyo kwirinda « ababatera ». 

Icegera c’umucamanza mukuru Matthew Whitaker n’uwujejwe umutekano w’igihugu Kirstjeb Nielsen barashije ahabona ico bise amatageko y’imfatakibanza . 

Mw’itangazo bashikiririje hamwe, abo bategetsi bavuze ko prezida afise « ububasha bwo kwirukana abimukira abo ari bo bose » mu gihe borenga ku mategeko abagenga. 

Ivyo rero bishoboka mu gihe ukuza mu gihugu kwabo gushobora kubangamira umutekano wa Amerika.

Vyitezwe ko prezida Trump ashira umukono kuri urwo rwandiko kugira rube itegeko. 

Iyo ngingo yanebaguwe cane n’urunani ruharanira agateka ka zina muntu ruvuga ko iyo ngingo « iteye kubiri n’amategeko ».

Abarongoye urwo runani bavuze « amategeko ya Amerika ararekura abantu gusaba ubuhungiro bari mu bihugu vyabo canke bari mu kibanza babakiriramwo ku rubibe. »

Mw’ibwirizwa shingiro rya Amerika abimukira barafise uburenganzira bwo kwumvirizwa na cane cane iyo bavuga ko bafise ingorane z’umutekano wabo mu gihugu baje baturukamwo.

Hisunzwe amategeko mpuzamakungu, abo bantu bafatwa nk’impunzi.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s